Basketballkirundi_Sports

#IndundiSports| Ikibuga gisakaye ca Basketball, Judo na Volleyball nico kizokwubakwa mu misi iri mbere

Abatwara igisagara ca Bujumbura basabwa kurondera ikibanza bazokwubakamwo ikibuga kizoberamwo inkino za basketball, Judo na volleyball.

Ibikaba biheruka gushikirizwa na Honorable Réverien Ndikuriyo ku musi wa gatatu igenekerezo rya 21 Gitugutu 2022, igihe hari haramutse haba urukino rwa nyuma rw’igikombe c’incungu rwahuje Urunani na Dynamo .

Mw’ijambo yashikirije hampande yo kwongereza agaciro k’igikombe c’incungu z’Uburundi , Honorable Réverien yaremereye ishirahamwe rya Judo mu Burundi , Basketball na Volleyball y’uko Reta izobaronsa ikibuga gisakaye cotuma abantu batanyagirwa .

Honorable Réverien akaba yagize ati: “Ngira mwabonye Nyakubahwa umushikirangaji wa mbere ko ari ngaha ivyo mwagiye muravuga vy’ikibuga na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yavuze ati nzogaruka kuraba umupira wa Basketball mwarubatse ntanyagirwa. Iyo Nyenicubahiro umukuru w’igihugu avuze siwe ashira mu ngiro uwushira mu ngiro ni umwenegihugu uwariwe wese riba ari itegeko ryasohotse , mu mupira w’amaguru hariko hasubirwamo ikibuga c’Intwari turibaza y’uko mu mezi 8 tuzoba twahejeje twashizemwo inguvu nyinshi , abo muri Basket abo muri Judo abo muri Volleyball kubera y’uko irya nzu ya Judo twayibomoye tuzoca tububakira mwese mube murakorera hamwe mugabo hafutse. Isima n’ivyuma bizokwubaka tuzobishira muri kirya kibuga nyene kuko ni inyubako twabomoye ntitwobomora ngo duce tubareka ngo baje mw’ibarabara , dusabe Nyakwubahwa umukuru w’igisagara ca Bujumbura aturonderere ikibanza kandi vuba , twaravyemeye igihe twabomora kirya kibuga y’uko atawuja mw’ibarabara , urumva Judo ihava ija mw’ibarabara igaca itangura kuvuga amajambo menshi reka rero natwe duce tuyitaho mugabo mwese muce mujayo mube murakorera muri Judo mu kurindira y’uko bazobaraba ryiza.”

Ayo rero akaba ari amajambo ya Honorao Réverien Ndikuriyo yatanguje ishirahamwe Fondation Pax Burundi hamwe n’imigwi ya Aigle Noir Cs , Tiger Noir y’umupira w’amaboko hamwe n’uwamaguru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 278