abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

#IndundiSports| Intamba mu rugamba ziraza gutana mu mitwe na Côte d’Ivoire mu masaha ari imbere

Umugwi nserukira Gihigu intamba mu rugamba uza gutana mu mitwe n’umugwi nserukira Gihugu wa Côte d’ Ivoire mu masaha ari imbere .

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2022 isaha cumi na zibiri z’umugoroba 18h00 mu masaha ya hano iwacu , mu gihugu ca Maroc niho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uza gutana mu mitwe n’umugwi nserukira wa Côte d’Ivoire mu rukino rwa kivandimwe.

Abakinyi bose bameze neza nk’uko twabiyagiwe na Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin kiretse umukinyi umwe gusa niwe yasivye ku munota wa nyuma uyo nawe ni Patrick Kanianga yankiwe n’umugwi wiwe.

Mwomenya ko umumenyereza mukuru Jimmy Ndayizeye nawe nyene amaze gushika mu gihugu ca Maroc inyuma yo kugira ikibazo c’ivyangombwa vyatumye atajana n’abandi .

Kurikirana ikiganiro twakoranye na Manager w’Intamba mu rugamba ari muri Maroc:

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205