footballkirundi_SportsUncategorized

#IndundiSports| Lumitel Women’s League : PVP Buyenzi yaraye inganije na Fofila PF

Imigwi ibiri ikunzwe cane ku ruhande rw’abakobwa ariyo PVP Buyenzi hamwe na Fofila PF y’i Ngozi yaraye inganije.

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Munyonyo 2022 isaha zitanu zo mu gitondo ku kibuga c’ubuhinga kiri mu Ngagara ( CTN ) , aho umugwi PVP Buyenzi wari wakiriye umugwi wa Fofila PF mu rukino rw’indwi igira 3 mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ry’abigeme Lumitel Women’s League .

Urwo rukino rwarimwo ubuhinga budasanzwe no gusatirana ku mpanze zose ninayo mpamvu iyo migwi yabonye kunganya igitsindo 1-1.

PVP Buyenzi niyo yatanguye kwinjiza igitsindo biciye kuri Congera Tedy Kadogo catumye biyemera y’uko bamaze gutahukana amanota atatu , ariko mu nyuma kiza kugomborwa ku munota wa nyuma biciye kuri Horaho Teddy Déricka wa Fofila PF birangira imigwi yose inganije .

Iyo migwi yose yaciye ifata ibibanza bibiri vya mbere kuko inganya amanota yose ifise amanota 7 uretseko hariho itandukaniro ry’ibitsindo.

Mwomenyako ihiganwa ryo muri uno mwaka uwuzoritahukana azoronswa imiriyoni 7 n’igice z’amafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 358