abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

#IndundiSports| Lumitel Women’s League yaraye itangujwe na Prezida wa FFB

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 13 Munyonyo 2022 isaha zitanu zo mugitondo 11h ku kibuga ca (CTN )  kiri mu Ngagara , niho hugururwa icese ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ku ruhande rw’abagore , ihiganwa ryitiriwe izina rya Lumitel Women’s League, iryo higanwa rigiye gufatwa mu mugongo n’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel, aho iryo shirahamwe ryiyemeje kuzoshigikira iryo higanwa mu kiringo c’imyaka itatu hama buri mwaka rikazohora ritanga imiriyoni 135 ni ukuvuga mu myaka itatu rizotanga imiriyoni 405.

Ni ibirori rero vyatangujwe n’urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje imigwi ibiri y’abigeme idacana uwaka ariyo PVP Buyenzi hamwe na La Colombe, ivyo birori  bikaba vyari vyatewe iteka n’uwurongoye FFB Géneral de Brigade de Police Muyenge Alexandre , icegera ca mbere ciwe Arcade Nimubona , icegera c’uwurongoye ishirahamwe Lumitel Melchiade Nzopfabarushe n’abandi bubahwa batandukanye .

Abatanguje urwo rukino  yari uwurongoye  FFB hamwe n’icegera c’uwutwara Lumitel mu Burundi .

Urwo rukino rwarangiye ari igitsindo 1 ca PVP Buyenzi ku 0 bwa La Colombe .

Uko inkino zose z’umusi wa mbere zagenze :

– Les Lionnes FC 1-4 Buja Queens
– Onze Etoiles 0-12 Fofila PF
– Intwarikazi 11-0 Rainbow
– Bon Avenir 0-5 Etoile du Matin
– La Colombe 0-1 PVP Buyenzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320