abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Ndizeye Samuel yaraye atowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kw’i 10

Umukinyi w’inyuma w’Intamba mu rugamba hamwe na Rayon Sports Ndizeye Samuel yaraye atowe nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Gitugutu 2022 .

Aho ni inyuma yo gutorwa n’abakunzi b’umugwi Rayon Sports asanzwe akinira muri kino gihe akaba n’icegera ca kizigenza w’uyo mugwi .

Samuel Ndizeye akaba ari umwe mu bakinyi bakina inyuma umugwi Rayon Sport ugenderako muri kino gihe .

 

 

Samuel igihe yari amaze kwakira agashimwe kiwe

 

Samuel akaba yarahawe ibahasha ry’amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amanyarwanda ( 200,000 Frw)

Mwomenyako uwo mukinyi yatumweko ubwa mbere mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abakuze mu nkino za kivandimwe Uburundi bwakinye na Côte d’ivoire hamwe na Guinée Conakry y’abatarenza imyaka 23.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321