kirundiIKIRUNDI_newskirundi_Sports

#indundiSports|Elvis Kamsoba ivyiwe vyoba vyifashe gute?

Elvis Kamsoba ni umukinyi w’Umurundi imyaka yiwe ni 25 akaba akinira umugwi Sydney FC wo mu gihugu ca Australie kuva mu mwaka wa 2021.


Elvis Kamsoba akaba yatanguye gukinira umurwi Avondale FC, mu mwaka wa 2018 nyuma yaho yerekeza mu wundi mugwi witwa Malbourne Victory FC mumwaka wa 2019 aha yawukiniye imyaka ibiri(2) aca yerekeza muri Sydney FC .
Sydney FC ukaba uri mu kibanza ca 6 Aho uwo mukinyi Elvis kamsoba afise ibitsindo 3 munkino 14.

Tubibutseko kandi KO Elvis Kamsoba ari mu bakinyi bakunzwe muri Australie, Kamsoba akaba kandi amaze kwitabira inkino z’igikombe ca Afrika co mu mwaka wa 2019 ca bereye mu Misiri(Égypte), aho Uburundi butagize amahirwe yo kubandanya bakaba bavuyemwo munkino zamatsinda.

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports imwipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 635