homepagekirundikirundi_Sports

Ivyo kugurwa kwa Mabano Shabani muri Tunisie Ntivyigeze biba

Kuri uyu w’Imana w’ igenekerezo rya 02 Nzero 2020, igihe umugwi Aigle Noir wariko utana mu mitwe na Flambeau du Centre mu rukino rw’igikombe c’ubumwe i Makamba ku kibuga ca Peace Park complex Stadium, umukinyi Mabano Shabani wa Aigle Noir yabonetse muri urwo rukino mugihe vyari bizwi ko amaze kugurwa n’umugwi Union Sportive De Tataouine wo mu gihugu ca Tunisia.

Ku makuru Indundi Sports yatohoje neza avuga ko uwo mukinyi atigeze agurwa n’uyo Mugwi ahubwo ifoto yagaragaye aboneka ariko ashirako umukono Ku masezerano atarayo kuwukinira, ahubwo yari amasezerano yo gukorana n’umu Manager wiwe mushasha.

Bikavugwa ko irya foto yakwiragijwe ari ifoto Mabano Shabani yari yashize kuri Status, bamwe mu bantu bazinanye baca barayikwiragiza ku mbuga ngurukanabumenyi.

Nayo impamvu bamubonanye umwambaro wa Union Sportive de Tataouine aruko yari amaze gutangura Imyimenyerezo muri uwo Mugwi munyuma biranka ko bumvikana, aho bivugwa ko abarabu bashaka kumukinisha ata gafaranga bamuhaye, Uburongozi bwa Aigle Noir bugaca bumusaba kugaruka mu Burundi.

Akaba afise imigwi myinshi imwipfuza, ari nayo mpamvu ishobora kuba vyatumye yihagararako.

Bikavugwa ko Mabano shabani ahejeje urukino rwo kuri uyu w’Imana waraye uheze na Flambeau du centre yaciye afata iyihuta imushikana i Bujumbura mu ntumbero yo gutegura urundi rugendo rwo kuja mu wundi Mugwi.

Union Sposrtive de Tatouine usanzwe ukinamwo uwundi mukinyi wa Aigle Noir The Fighters ariwe Shaka Bienvunue uwo nawe akaba yinjiye muri uwo mugwi atijwe n’umugwi wa Etoile du Sahel.

Mwomenya ko uwo murwi uri mu kibanza canyuma mw’ihiganwa ryo muri Tunisia n’amanota 8 mu nkino 13.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871