homepagekirundi_Sports

Umurwi Delta Star wo mu ntara ya Bujumbura benshi bita Rural wandikiye uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 05 kigarama umwaka wa 2023, uwurongoye Delta Star, NYABENDA Samwel ntiyemeye ivyo umurwi wari washizweho n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB Muyenge Alexandre vy’uko umurwi Delta Star watsinzwe muri urwo rubanza. Umurwi Musongati Académie mu nkino zo kurondera umurwi uzokwitabira inkino z’icicaro ca kabiri.

 

Musongati Académie wari witwariye umurwi Delta Star, uvuga ko abakinyi bakinishijwe boba barakinye ihiganwa ryo mugihugu ca Congo ikiringo kimwe, bituma Delta Star wari watsinze uca utsindwa muri urwo rubanza.

Ariko  Samwel arongoye uwo murwi amenyesha ko ivyavuye muri urwo rubanza atavyemera ari navyo vyatumye bandikira uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi basaba kurenganurwa, akabanya avuga ko mu bantu bari batowe ngo bige ivyo birego ngo harimwo bamwe batigeze bitaba kwumviriza urwo rubanza ariko bagatangazwa n’uko babaye abambere mu kwemeza ko Delta Star yatsinzwe, hazobandanya Musongati Académie

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807