BurundihomepagekirundisocieteSpirituality and progress

Indyane muba adventistes b’umusi w’indwi zabaye akayobera-bahinga

Bamwe mu basengera mw’ishengero ry’abadventiste b’umusi w’indwi basaba ko mu ntumbero yo gutorera umuti indyane zibandanya zibonekeza muri iryo shengero ari uko hokurikizwa ibiri mw’ikete ry’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu rigena umurwi w’abantu 4 baramutswa uburongozi.

Mu kiganiro yahaye abamenyesha makuru kuri uyu wa gatandatu Jean Marie Irambona umwe mu barongoye iryo shengero avuga ko kuri uyu wa gatandatu hibonekeje ukutumvikana hagati y’abasengera mw’iryo shengero.

Uwo murwi washizeho kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2020 kugira urongore iryo shengero vy’imfatakibanza mu kiringo c’amezi 10, inyuma y’indyane zari zimaze hafi imyaka ibiri. Hari mu nama yahuje impande zibiri zari zishamiranye, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’intumwa yavuye gihugu ca Kenya.

@Radio Isanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766