BurundihomepageIKIRUNDI_newssecurity

Ingabo 8 z’abarundi basize ubuzima ku rugamba bashimiwe na ONU

Abasirikare umunani b’abarundi bari mu nteko za ONU zasize ubuzima ku rugamba, bari mu ntwari zishimirwa kuri uyu wa kane ku musi ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryahariye izo nteko.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe kuwa 26 Rusama uwu mwaka, mu guhimbaza uwo musi bibuka abasirikare barenga ibihumbi bine baguye ku rugamba kuva mu mwaka w’1948 hatangujwe ico gikorwa.

Iryo tangazo rivuga kandi ko ari akaryo ko guha ibidari abantu bagera kw’129 bagizwe n’abasirikare, abaporisi n’abanyagihugu bahitanywe n’ibitero vyo mu mwaka w’2020 no mu ntango z’uno mwaka w’2021.

Umunyamabanga mukuru wa ONU avuga ko bashima ibikorwa vyaranguwe n’izo ngabo baramutse bibuka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717