BurundiÉnergieHealthhomepagekirundiSanté

Ingingo nshasha zafashwe mu ntumbero yo kurwanya coronavirus

Kuva aho ikibuga c’indege Melchior Ndadaye hamwe n’iyindi mipaka y’uruja n’uruza vyugururiwe ngo ibice 95 kw’ijana vy’abatowe coronavirus baje bavuye hanze y’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuruyu wa 3 Kigarama, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida Thadée Ndikumana, amenyesha ko mu kugwanya igwirirana rya coronavirus hafashwe ingingo zikurikira:

-Igipapuro cemeza igipimo ca Covid-19, gisanzwe kirimwo kode ituma kitiganwa gitegerezwa gutangwa na INSP gusa, kandi kigasabwa amasaha 48 imbere yo gufata ingendo

-Abaja gusaba izo mpapuro muri INSP bategerezwa kugenda bambaye udufukamunwa  kugira birinde kwanduza abandi

-Imipaka yose igiye kuronswa abajejwe kuraba ko impapuro zerekana igipimo ca Covid-19 ari icukuri

-Ku ngenzi ziza ziciye ku kibuga c’indege, bishitse hakaba harimwo umuntu umwe atowe uwo mugera, abari mu ndege bose bategerezwa guca bashigwa ahabonyene (quarantaine) amasaha 72 kugira basubire gupimwa

-Ku baja kurangura baciye ku kibuga c’indege, mu kugaruka bakaza n’imiduga, bagaca ku mipaka itandukanye, nabo nyene bazoshigwa ahabonyene, kandi bazogumizwa mu ntara bari binjiriyemwo nyene gushika ibipimo biheze

Ku kibuga c’indege, ingenzi zizotogwa naba nyene amahoteri bazoshikiramwo, bafadikanije n’Ubushikiranganji bw’ubudandaji n’ingenzi

-Amahoteri asabwe kwubahiriza ingingo zijanye no gushira ingenzi ahabonyene, atari ukwo, ibihano bizofatwa

-Ba nyene amahoteri bamenyeshejwe ko bazoza baratwara ingenzi zija gupimigwa kwi hoteli Source du Nil

-Ku ngenzi zishikira hagati mu gihugu, ibipimo bizobera muma hoteri bashikiyemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765