BurundiBusinessCuteEconomyhomepagekirundi

Ingorane z’urudandazwa ndengambibe ruciye mu kinywabi

Kuri uno wa gatanu,igenekerezo rya 30 Gitugutu 2020, ikigo kijejwe gutororokanya amatagisi n’amakori OBR catunganije inyigisho zo kwigisha abadandaza b’abapfasoni kumenya ukuntu bokorana n’ico kigo mu ntumbero yo kurabira hamwe ingorane ziterwa n’urudandazwa ndengambibe ruciye mu kinywabi.

Ku kibazo c’ingene ikigo OBR gikorana n’abajejwe inzego z’igihugu ku bijanye n’ituzwa ry’urwo rudandazwa ndengambibe ruciye mu kinywabi, uwujejwe kumenyesha amakuru mu kigo OBR yamenyesheje ko bakorana neza haba abajejwe umutekano canke igendereza ku mipaka mu rudandazwa ndengambibe, nayo mu gihe haba habaye ico babonye kitagenda neza bagahohoterwa n’abobakingiye, bahamagarirwa kwitura ikigo OBR mu guhamagara ku nomero itariha 500.

Abidoga ko bashobora gusanga amafaranga badeduwanyeko atandukanye bivanye n’umusi, ngo bivana n’ukuntu aba yaranguye canke n’ihindagurika ry’giciro c’idorari kuko amakori aharurwa ku giciro umudandaza aba yaranguyeko.

Urwo rudandazwa babonye cane ngo rukorwa n’abapfasoni bakaba babonye ko bafise ingorane zo gutahura akamaro k’ikigo OBR nk’igihe baba baciye mu mashamba canke mu zindi nzira zitazwi kugira ntibarihe amakori bashobora guhura n’ibibazo nko gufatwa kunguvu, kunyagwa ivyabo n’ibindi bibi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768