BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Inkwano ngo izotangwa mu bingorongoro

Ibingorongoro nivyo bizotangwa ku nkwazo z’abigeme batambanye na Davis D muri Party People, amafoto ngo azobikwa, nta kabuza.

Ivyabereye mu giteramo carangije umwaka wa 2022 arico party People, biracavugwa gushika n’ubu. Bimwe ni nka Video y’abana b’abakobwa bariko batambisha umuririmvyi w’umunyarwanda Davis D yari umutumire muri ico giteramo.

Abatari bake bakaba baguma babivugako, abandi nabo bakaba banabigize ama memes, aho bavuga ko ama Foto y’abo bigeme batambanye n’uwo muririmvyi bazoyabika, kuko inkwano zabo zizotangwa mu bingorongoro.

Umumenyeshakuru twabashije kubona Status yiwe yamenyesheje ko we ata n’ikingorongoro yotanga, kuko abo bigeme ngo kubashira mu nzu n’ukwikwegera urupfu, kandi urwo narwo ngo ntibarugura.

Naho hari ababatera amabuye, hari uwundi nawe atabibona uko, uwo nawe s’uyundi ni Elsie Gretta yahoze akore imboneshakure Magic chanel TV, aho yavuze ko abo bigeme badakwiye gushavurirwa kuko ngo bariko bararyoherwa.

Uwo mumenyeshamakuru akaba yanditse ku rubuga rwa Twitter ko barya bigeme batamvye kurya kubera umumenezero.

Nawe akaba yavuze ko iyo mu myaka iheze akubita burabwe umuririmvyi Big Fizzo nkuko abo babonye Davis D ngo ntivyari kureka kumusimbirako ngo amutambishe nkuko babikoze.

Naho wumva atabatera amabuye, Elsie akaba yanaboneyeho akaryo ko kubahanura, aho yakoze ku mwambaro ubereye gutambisha intambo bariko baratamba.

Elsie akaba avuga ko umwambaro w’i Pantalon ngo ariwo ubereye kwambara mu gihe ugiye gutamba intambo nkizo batamvye uwo musi.

Igituma ngo nuko uwambaye ikanzu nkizo bari bambaye ku musi w’igiteramo ngo ageza agaca ahena, arico gituma kuyambara ugiye gutamba kurya ngo ari umugambi mubi cane.

Izo ntambo zikaba zaranavugishije Simbizi wa Semavumba, aho yavuze ko iyo Stage yatambiweko ibintu bitari bihimbaye ku jisho, ngo ari nayo yaririmbiweko umuririmvyi w’umunyarwanda Israel Mbonyi aririmba Indirimbo zo guhimbaza Imana yari hano iwacu muri iyo misi nyene.

Tubibutsa ko uwo muririmvyi Davis D yavugishije benshi yarikumwe mu giteramo n’abandi baririmvyi nka Juno Kizigenza na Alvin Smith co kimwe na Drama T.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775