BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Inyuma ya Shata, Natacha asohoye Kuja

Inyuma y’ukuvuga ko hari indirimbo zitari nke yamaze guheza gukora ziirindiriye gusohoka, natacha yasohoye iyindi ije ikurikira Shata yarabwa n’abatari bake kuri Youtube yiwe.

Natacha ngendabanka imbere yuko umwaka wa 2018 uhera yashize ahabona akaririmbo gashasha ako akaba yakise Kuja, kakaba kaje gakurikira ako yari yasohoye haraheze amezi 2 gusa, kiswe Shata nako kariko karakora neza ku rubuga rwa Youtube kuko kamaze kurabwa incuro zirenga 27,000.

Ako karirimbo Kuja kakaba gashobora kuba kakorewe muri Uganda kuko umuhinyanyuzi yagakoze ari umugande Sasha Vybz amaze igihe ariwe akora indirimbo ziwe. Ako karirimbo kakaba kandi gasohotse inyuma yaho amenyeshereje ko akaririmbo Ubibona Gute kakunzwe n’abatari bake kari akaganuke ariko katari muri gahunda y’udusohorwa. Ahubwo avuga ko iziri inyuma ari izitari nke kandi zahejeje gukorwa, aho akaba yariko aganira n’ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania.

Natacha Ngendabanka akaba asa nkaho ariwe muririmvyikazi wenyene aha Iwacu ariko arakora neza, ubu akaba aharurwa muri bake bariko baserukira Uburundi mu mahanga mu gukorana n’abaririmvyi b’ibihangange batandukanye.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775