East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Inyuma ya Zari na Tanasha, Diamond ngo agiye kurongora

Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond ngo agiye kugira ubugeni muri ino misi,ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu basanzwe bakorana nawe.

Mu kiyago yatanze ku rubuga rwa Instagram, Sallam Sk asanzwe anamufasha mu bijanye n’uburongozi bwa WCB, yamenyesheje ko Nasibu afise igikorwa ariko arashaka gushira ahabona mu misi ya Vuba. Aho akavuga ko aho vuba ariko aravuga ari muri uku kwezi kw’8 turimwo.

Irindi banga yamenye uwo musahiri wiwe, ngo DIamond ariko aritegura kurongora muri uno mwaka nyene. Aho n’inyuma yaho abwiriye abamenyeshamakuru ku musi w’ubugeni bwa mushikiriwe ko ivy’ukurongora kwiwe azobikora niyaronka umukobwa amukunda.

Ari nka hamwe bikunze, Diamond akaba azoba abikoze inyuma y’igihe kitari gito hitezwe ubugeni bwiwe, kuko bakiri mu rukundo na Zari havuzwe ubugeni, afatanye na Tanasha naho havugwa ubundi kandi bwo bwategerezwa kwitabwa n’abantu bakomeye, ariko birangira butabaye.

Aha mukamenya kandi ko uwo muririmvyi abagore benshi bavana aribo bamuheba, bamwe bakavuga ko ari indero atari ikirenga, abandi nabo bakamuhora ko ata jambo afise imbere ya Nyina n’uburongozi bwiwe.

Gushika ubu rero bikaba bikigoye cane kwemeza ivy’ukurongora kwiwe kuko ata n’umukunzi wiwe aramenyekana. Nawe niko ubibona?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769