homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundikirundi_entertainment

Inyuma y’aho ibiteramo vyugururiwe, Mkombozi atanguriye i Makamba

Mkombozi igihe kirekire atabarizwa mu gihugu c’Uburundi hafi imyaka 6 n’ubwo yagarutse yasanze ingwara ya Covid- 19 itorohereza abaririmvyi gukora ibiteramo, biri mu vyatumye adategura igiteramo ngo aryohere abakunzi biwe na rirya bari bamunyotewe kumubona kuri stage.

Imana ishimwe ibiteramo ubu vyaruguruwe mu gihugu c’Uburundi, igiteramo ciwe ca mbere agiye kugikorera mu ntara ya Makamba aho asanzwe avuka.

Kubera adashaka uwosiba kumvo z’uburyo yagerageje kworohereza abakunzi biwe ku biciro bitavuna. Ahasanzwe, kwinjira ni amafaranga ibihumbi 2000 vy’amarundi, VIP 5000, sponsors ibihumbi 10 000, bikazobera kuri Paradize igenekerezo rya 2 Ndamukiza uyu mwaka nyene 2022.

Ico asaba ni ukudasiba mwibonere ubudasa mu ndirimbo asigaye akora mu midiho itandukanye n’ubwenge yarahuye mu makungu, umwana wanyu mumushigikire na kare umuririmvyi ibiteramo nivyo vyamwa vyiwe.

Uyu mwaka na album yiwe ngo arayishira ku mugaragaro mubandanye mu mushigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 740