BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Inyuma y’imyaka 8, Yvan Muziki azogaruka Bujumbura

Mu mwaka uza wa 2023, umuririmvyi Yvan Muziki ngo azoba yamanutse i Bujumbura, aho azoba ajanywe n’ugushira ahabona urukurikane rwiwe rushasha.

Uwo muririmvyi abarizwa muri ino misi i Kigali, mu kiyago yagiranye na Akeza.net mu kiganiro Open mic, akaba yagarutse kuri Album yiwe nshasha izosohoka vuba.

Muri ico kiyago Yvan Muziki yavuze ko igihe iyo Album izosohokera ngo adashobora kukivuga, ariko ico yemeza co ngo ni vuba. Iyo Album nkuko abishikiriza, ngo izokorerwa ibiteramo 2.

Kimwe muri ivyo biteramo nkuko uwo muririmvyi yabishikirije ngo kizobera I Kigali, ariko ikindi co ngo azogikorera I Bujumbura, Aho kizoba cahawe akazina ka Come Back, Aho azoba aramutse ahonyoza ikirenge I Bujumbura inyuma y’imyaka hafi 7 Ari mu mahanga.

Yvan Muziki yanavuze ku bijanye n’ivyo yagirijwe ko yihakanye igihugu c’Uburundi. Uwo muririmvyi akaba yashikirije ko atarivyo na gato, kuko amaraso y’Uburundi urimwo.

Yvan avuga ko avuka kuri se w’umurundi, na Nyina w’umunyarwandakazi, ngo amaraso y’ivyo bihugu vyose amurimwo Kandi ntawushobora kuyamuvanamwo.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi Yvan Muziki akaba yamenyesheje ko abarementanishije ivyo bintu atabazi Kandi atazi n’ico bashaka gushikako.

Muri ico kiyago nyene, uwo muririmvyi avuga ko muvyo akumbuye I Burundi harimwo ikiyaga Tanganyika, umukeke co kimwe n’uburobe. Yvan akaba yabwiye Akeza ko ikiyaga Tanganyika camufashije kwandika Indirimbo zitari nke.

Ivyo kwihakana igihugu kwa Yvan bikaba vyatanguye mu gihe ivyo bihugu vyose afitiye ubwenegihugu bitaraba ryiza, ariko Kandi biba mu gihe uwo muririmvyi Yasa n’uwungururije ibikorwa vy’umuziki I Kigali, Aho yagiye akorera cane ibikorwa Kandi akanahakorera akaruhuko avuye I Burayi iyo asanzwe aba.

Yvan Muziki akaba afise akaririmbo gashasha aheruka gusohora yakoranye na Dj Pius akaririmbo yise Nyash. Iryo jambo rikaba rikunze gukoreshwa n’abanya Nigeria co kimwe n’abo mu burengero bavuga Igisusu. Iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa n’abarenga 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775