kirundimusic

Inyuma yo kuba mu gacerere kadasanzwe, Rally Joe yarekuye indirimbo nshasha

Rally Joe, umwanditsi w’indirimbo “Kuri kakagezi”, afise amateka yo gutahukana amahiganwa atandukanye ategurwa mu gihugu, akarorero ni ihiganwa rya primusic yatahuganye ku ncuro ya mbere na Isanganiro awards, Ten in one, n’ayandi.

Ariko muri kino gihe akaba ariko aboneka cane mu ma karaoké ivyo gusohora indirimbo ntivyari bikiri ikirenga kuri we.

Muvyo tumenyereye ku banyabuhinga batandukanye, iyo bafise igikorwa gishasha barabanza kumenyesha abakunzi babo kugira bacitege vuba.

Ivyabaye kuri Rally Joe vyabaye ibitandukanye n’ivyo tumenyereye aho kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2022 twagiye tubona ashize indirimbo yiwe kuri youtube izwi kw’izina rya “Arina”.

Nyarukira kuri youtube yiwe uyirabe ugire n’ico umubwiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 470