BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Inyuma y’umwaka, Chany Queen arahevye arava mu gacerere

Inyuma y’uturirimbo nka Kamwe kamwe , Neno Moja na Ndicuza twakozwe mu mwaka wa 2018, tugakundwa n’abatari bake mu bakunzi b’umuziki ndundi, cane cane ab’umuririmvyikazi  Chany Queen. Uwo muririmvyikazi agiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, Channy yabwiye abakunzi b’umuziki wiwe ko hari igikorwa gishasha kigiye gushirwa ahabona Vuba. Ayo majambo yanaherekejwe n’ayandi aho avuga ko umwaka wose ari mu gacerere wavuyemwo ikintu gihagaze neza.

Ako karirimbo kazoba kitwa Queen, ku rupapuro ndanga ndirimbo bakunze kwita “ Cover” hakaba hamenyeshejwe ko kazoshirwa ahabona kuri uyu wa 12 ruhuhuma isaha zibiri z’ijoro. Ariko tukaba tutabashije kumenya nimba hazoshirwa ahabona indirimbo ifise amajwi  co kimwe n’amasanamu  canke ari amajwi gusa, ariko icabonetse co nuko uwayikoze ari x Fecta.

Ababashije kugira ico bashikiriza kuri urwo rupapuro ndangandirimbo yashize ahabona, bakaba bavuze ko iyo ndirimbo yiwe bayiteganye igishika cinshi, kandi ko bamushigikiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775