BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ireresi umwana wo mu muji rigiye gusubira kuboneka

Ireresi ryari ryarahagaze rya Alvin Smith, rigiye Kandi gusubira guca ku rubuga rwiwe rwa YouTube nkuko yabimenyesheje ku rubuga rwa Whatsapp.

Uwo muririmvyi akaba atashikirije ryari rizosubira kuboneka, ariko akaba yerekanye ko hari amasanamu ariko aratunganywa noneho abone gushirwa kuri urwo rubuga rwa YouTube.

Iryo reresi ryari rimaze kabiri ridasohoka, rikaba ryaheruka gusohoka haraheze amezi 2, ariko hagati aho hakaba hari hagize imisi hashirwa Kuri urwo rubuga amasanamu y’ireresi aba Nigga 2 n’ibebi 1 ritegurwa na Yaga Burundi.

Naho wumva Alvin ata gikomeye yashikirije kw’ibura ry’iryo reresi mu kiringo c’amezi 2, biravugwa ko hoba harabaye ukutabona ibintu kumwe mu mugwi usanzwe ukina iryo reresi, ivyo vyatumye n’umutambukanyi wiwe abishiramwo ikirenge. Ubu bikaba bishoboka ko vyoba vyatunganye, arico gituma gagiye gusubira gusohoka irindi.

Mu gihe hatariko hasohoka iryo reresi, urwo rubuga rwa YouTube rwa Alvin Smith, rwarasubiye Kandi kubonekako Couple Quiz, kuko Nirna umugore wiwe asanzwe aba muri Canada, yari yagarutse I Burundi mu karuhuko.

Aha mukamenya ko urubuga rwa Alvin Smith ruriko rurababa abarukurikirana 100,000, naho rugisigaje abarenga gato 9,000. Nayo imwe mu ndirimbo ziwe ikaba iheruka gushikana Views 1,000,000 ivyamuteye agahimbare kadasanzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761