Entertainmenthomepagekirundimusic

Iry Tina yasohoye amasanamu ya Nakupenda na Pallaso

Inyuma y’amezi 10 ashize ahabona amajwi y’indirimbo Nakupenda yakoranye na Pallaso, umuririmvyi w’umunya Uganda, Iry Tina yashize ahabona amasanamu y’iyo ndirimbo.

Mu masaha 20 gusa, iyo ndirimbo ikaba imaze kwababa abantu barenga 50,000 bamaze kuyiraba ku rubuga rwa YouTube rw’uwo muririmvyikazi asanzwe yisumamwo mu kibazwa Museveni.

Uwo muririmvyikazi akaba yaheruka gushira ahabona akaririmbo Bindekere haraheze igihe cababa imyaka 2, kuko yari yasohotse mu kwezi kwa 12 mu mwaka wa 2020, aho iyo ndirimbo yavugishije benshi kuko iri mu zakwije ama views 1,000,000 mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

Hampande y’iyo ndirimbo, Bindekere, Iry Tina akaba ari mu gitigiri c’abaririmvyi b’abarundi bafise indirimbo nyinshi zabo zimaze gukwiza views 1,000,000 ku rubuga rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769