East Africa NewsAkes DonEntertainmenthomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Isabukuru y’amavuko ntirizohimbazwa kubera Diamond

Q boy ngo ntarota ahimbaza isabukuru ryiwe ry’amavuko kubera ibiheruka kumushikira. Ugucumura kuri Diamond bikamuviramwo gusezererwa ngo vyaramukomerekeje cane.

Mu gihe yariko yitegura gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha, Q Boy yabwiye abamenyeshamakuru ko umusi mukuru wiwe w’amavuko wimirije atiteze kuwuhimbaza, igituma ngo nuko ico gihe kimwibutsa ko yatakaje incuti zamuba hafi.

Izo ncuti uwo muririmvyi ndundi akorera ibikorwa vyiwe muri Tanzania avuga, n’umuryango wa Wasafi yarafise akazi ko kwambika. Uwo akavuga ko iyo avyibutse bimubabaza cane.

Q boy akaba yabandanije abwira ico kinyamakuru baganiriye ko muri kino gihe ata kindi arota atari ugusaba imbabazi, naho abana b’abantu bama ari abana b’abantu. Ngo umukorera ivyiza 99 wakora ikibi 1 akabona ico.

Q boy ararira kuko kuva kwa Diamond ngo yatakaje ibitari bike.

Abajijwe nimba yokwigenza nkuko bomusaba nka hamwe baramutse bamwereye kumha imbabazi, uwo muririmvyi avuga ko ivyo bikigoye kwemeza ko hari imbabazi azohabwa, ariko ko yokora ibishoboka.

Uwo muririmvyi akaba yarangije avuga ko ashimira vyinshi uwo muryango urongowe na Diamond Platnumz. Murivyo hakaba harimwo ko bamufashije kumenyekana muri Tanzania, ngo na gatoya afise agakesha uwo muryango munini.

Mwomenya ko uwo musi w’amavuko w’uyo musore ari igenekerezo rya 14 ruhuhuma, uwo musi nyene akaba ari nawo musi nyene Diamond Platnumz bamumenyesherezako ko batakiri mu rukundo na Zari the Boss.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769