BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Isekeza ryo kurwanya Coronavirus ngo ryagenze neza mu mezi 3 aheze aritanguje

Isekeza ryari rimaze amezi atatu ngo ryagenze neza kuko abantu bari banduye umugera wa Corona bakize.

Ivyo ni ibishikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, aho amenyesha ariko ko bikwiye ko urugamba rubandanya gushika abarundi bose bakingiwe.

Hari mu gihe ubushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu n’ukurwanya Sida bwashikiriza icegeranyo c’uko iryo sekeza ryagenze. Isekeza ngo ryatwaye amafaranga yababa imiriyoni 4 z’amadorari y’abanyamerika.

Ku bijanye no kwugurura imbibe, umukuru w’igihugu amenyesha ko Reta yafashe ingingo yo gutunganya ibishoboka vyose mu guhangana n’ikiza ca Coronavirus ku mbibe z’igihugu mu gushiraho ibikoresho bigenewe gukinga no gupima ico kiza canke gutabara abaje banduye bataranduza abandi. Ivyo biheze haba ku kibugu c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye canke ku bundi bwinjiriro uruja n’uruza ngo ruzosubira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765