homepagekirundiprimusic-burundiRadio

Ishirahamwe Brarudi ryuguruye icese ihiganwa rya Primusic

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Rusama umwaka w’2019 niho ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi ryaramuka ryugurura icese ihiganwa ryise “Primusic”.

Dorine Gateka ajejwe ikinyobwa ca Primus muri Brarudi yamenyesheje ko iryo higanwa rifise intumbero yo gufasha abaririmvyi bafise impano babandanye batera intambwe mu mwuga wabo.

Dorine Gateka akaba yaboneyeho kandi kwerekana abo bariko barafashanya kugira ngo iryo higanwa rizogende neza, abo nabo akaba ari aba ambassadeurs babiri Bizimana Aboubakar Kalume azwi kw’izina ry’ubuhizi nka Sat-B Satlight King hamwe na Mugani Désiré azwi nka Big Fizzo.

Ku ruhande rw’abazoba bagize Jury naho tuhasanga umumenyeshamakuru wo kw’iradiyo isanganiro Christian Nsavye hamwe n’abahinyanyuzi babiri Ami Pro hamwe na Korry The Magic.

Umupfasoni Gateka akaba yamenyesheje ko muri iryo higanwa hahamagawe umuririmvyi uwariwe wese avyiyumvamwo, ukwiyandikisha kukaba kwamaze gutangura bakaba biyandikisha baciye ku rubuga rwa Brarudi S.A (website), ku rubuga Facebook rwa Primus hamwe no kuri application mobile ya Primus.

Nayo ku musi wa nyuma w’iryo higanwa Final utegekanijwe kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro umwaka w’2019, ishirahamwe Brarudi ngo rikaba ryateguye kuzozana umuririmvyi wo hanze y’igihugu mu ntumbero yo kuryohera abarundi hamwe n’abakunzi b’ikinyobwa ca Primus.

Dorine yarangije amenyesha ko uwambere azotahukana iryo higanwa rya Primusic azohabwa ibahasha rigizwe n’imiriyoni mirongo ibiri na zitanu z’amarundi, uwa kabiri aronke imiriyoni zitanu, uwa gatatu imiriyo zitatu, uwa kane imiriyoni zibiri, uwa gatanu umuriyoni umwe n’igice nayo uwa gatandatu atahukane umuriyoni umwe w’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 742