africa newshomepagekirundisecuritysociete

Ishirahamwe CIRGL ryafashe mu minwe ibijanye n’igitero giheruka kubera mu cibitoke

Nk’uko biboneka mu rwandiko rwiriwe rurakwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye, hari umugwi w’abahinga ugizwe n’abasirikare gusa watanguye urugendo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Kigarama 2019, bigategekanywa ko uwo mugwi uzoca muri Goma mu gihugu ca Repubilika iharanira demokarasi ya kongo, i Gisenyi mu Rwanda uce ahitwa Bugarama muri ico gihugu nyene, ucuza hano Bujumbura imbere yogaucuja mu ntara ya Cibitoke i Marura ahagabwe igitero ku kirindiro c’abasirikare b’Uburundi. Bavuyeyo abo bahinga bakazoca bagaruka i Bujumbura mu nyuma baje ahitwa Nemba mu Rwanda imbere yuko bashika i Kigali babone guheza basubire i Goma, urwo rugendo rukaba ruzomara imisi umunani.

Nk’uko kandi bigaragarira muri urwo rwandiko nyene, igikorwa bafise ni ico kwirabira i bijanye n’igitero cakozwe i Marura mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo uwu mwaka, hose bakazohagenda n’imodoka.

Uwo mugwi w’abahinga ugizwe n’abasirikare 8 ba Repubilika iharanira demokarasi ya Kongo, abasoda ba 2 ba Kenya , umwe w’Uburundi, umwe w’umunyarwanda, umuganda umwe, umwe wa Sudani, umutanzaniya umwe, umusoda wa Angola umwe hamwe rero n’umusirikare umwe wo muri Afrika yepfo.

Twobibutsa ko ivyo bibaye inyuma y’aho Reta y’Uburundi iherukiye gusohora itangazo ryasomwe n’umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wayo, Prosper Ntahorwamiye, aho yamenyesheje ko igisirikare c’Urwanda arico cateye mu ntara ya Cibitoke kandi ko Reta y’Uburundi itazobandanya yihanganira ako gasotoro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756