africa newsEast Africa NewsEconomyhomepagekirundi

Ishirahamwe ryunguruza abantu Kenya Airways vuba ngo rirasubira ku mirimo

Ishirahamwe ryunguruza abantu n’indege Kenya Airways rikomoka mu gihugu ca Kenya ngo vuba rirategekanya gusubira ku mirimo inyuma y’igihe kitari gito ryari rimaze ridakora ku mvo z’ikiza ca coronavirus kimaze igihe cagisibije kw’isi.

Ivyo biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryaraye rishize ahabona kuri uyu wa kane waraye uheze aho rimenyesha ko ritegekanya gusubira gukora kuva kw’igenekerezo rya 8 uku kwezi kwa Ruheshi muri uyu mwaka nyene turimwo w’2020.

Muri iryo tangazo nyene,  ishirahamwe Kenya Airways ngo rirategekanya kandi igisata c’ubuvuzi kizoba kijejwe gukinga umugera wa corona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758