BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ismail Niyonkuru ngo abaririmvyi baramukunda ariko bakerekana ko bamwanka

Ibura rya Ismail Niyonkuru mu muziki ndundi ngo n’ikintu kidasanzwe, ivyo n’ibishikirizwa n’uwo mumenyeshamakuru ubwiwe mu kiyago yagiranye na Alan mu kiganiro Indundi Hit Show.

Muri ico kiganiro kiba buri wa gatanu n’uwa mbere guhera isaha icumi gushika isaha cumi n’imwe z’umuhingamo kuri Radio Culture, Ismail Niyonkuru yavuze ko abatari bake barimwo Big Fizzo na Natacha ngo bamaze kubivuga ko hari ikintu gikomeye babuze.

Muri ico kiganiro nyene uwo mumenyeshamakuru yahoze akorera Insamirizi Rema Fm avuga ko ico abo baririmvyi babuze ari umuntu aza aravuga ububi bwabo, kuko ngo bibatuma babasha kwisuzuma noneho bakabona ko hari ikibuze bakikosora.

Aho ni mu gihe akiriko arakorera iyo nsamirizi, uwo mumenyeshamakuru yaterwa amabuye na benshi kubera ivyo abavugako. We akaba avuga ko ari ibisanzwe kubera ngo bamukunda ariko imbere y’abantu bakereka ko bamwanka.

Mwomenya ko uwo mumenyeshamakuru abarizwa mu gihugu c’ubufaransa aho avuga ko yagiye kurondera ubuzima kugira ntazokwame akorera uwundi ariko nawe azogire ico yishikanako muri kazoza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775