BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Israel Mbonyi I Bujumbura

Noneho Israel Mbonyi agiye guteramisha abarundi mu misi mikuru yo kurangiza umwaka. Ivyo nivyo vyumvikana mu butumwa uwo muririmvyi aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana yashikirije abicishije muri Video yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi z’ikinyamakuru Akeza.net.

Ku ma genekerezo ya 31/12 n’igenekerezo rya 1/1 muri 2023 umuririmvyi Israel Mbonyi azoba aramutse ateramisha abarundi mu biteramo bikiriko birategurwa. Ivyo n’ivyumvikanye Israel Mbonyi ashikiriza muri ubwo butumwa twababwiye yasangije abantu.

Ubwo butumwa bukaba bubonetse inyuma yaho habonekeye amashusho yerekana uwo muririmvyi hamwe na Albert asanzwe arongoye Buja Events. Aho abatari bake bari bamaze kwitegura ko uwo muririmvyi agiye kuza.

Nkuko vyabonetse muma Comment, uwo muririmvyi akaba Arindiranywe igishika cinshi. Abatari bake bakaba batanguye Kubaza ikibanza bizoberamwo, abandi bo bakaba bavuga ko baronse igituma bazoja gukesha uwo musi.

Iki giteramo kikaba kizoba kibaye inyuma yaho uwo muririmvyi ageragereje gukora igiteramo I Bujumbura ariko bikanka kubw’imvo bavuga ko zitabavuyeko.

Rimwe bikaba vyahagaritswe kubw’imvo za ca kiza ca COVID 19 Cari kirembeje isi, ikindi gihe naho hakaba hatamenyekanye ivyanye, ariko hakaba hanuganuzwe ko vyo vyavuye ku nduru zarikonziravuga.

Izo nduru zikaba zakomoka mu bwoko bw’aba Nyamulenge, kuko hari mu kwezi bibuka benewabo bapfiriye hano iwacu mu Gatumba bishwe n’inkozi z’ibibi. Ubwo bwoko asanzwe anakomokamwo, bukaba bwamusaba kutaja mu giteramo muri ivyo bihe bariko bibuka ababo, kandundura ngo ico giteramo kikaba cagira kibere muri ico gihugu biciwemwo.

Israel Mbonyi akaba azoza I Bujumbura haheze imisi mike akoze ikindi giteramo citezwemwo kuzoba Ari kinini kizobera I Kigali mu Rwanda mu nyubako ya BK Arena isanzwe yakira abantu ibihumbi 10.

Hampande Aho akaba Kandi ariko anategurirwa Tours azokorera muri Australia mu mwaka uza wa 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775