EntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Israel Mbonyi yitiranijwe n’uwari mu rukundo asomana

Israel Mbonyi n’umwe mu baririmvyi batarerekana Umukobwa barikumwe mu rukundo, ibihora bimuviramwi buri gihe ikibazo gikomeye Kandi kitigera kimworohera kwishura.

Muri ino misi, ico kibazo nyene kikaba cagarutse Aho uwo muririmvyi yitiranijwe n’uwundi musore bangana mu mbaga, uwo musore akaba yari yabonetse ariko asomana n’umukobwa.

Abantu ku mbuga cane cane kuri Twitter bakaba bagize ibibazo ntibabasha kumenya nimba Ari Israel canke Ari uwundi.

Uwo muririmvyi agiye gukubitira ku mugabane wa Amerika mu ruhererekane rw’ibiteramo, akaba yahavuye ava mu gacerere, noneho yerekana uwo muntu uwariwe, ariko anihanganisha abo bakundana, kuko yaciye asohora iyindi foto yabo barikumwe bambaye ukonyene.

Mu mezi aheze uwo muririmvyi akaba yari yanavuzweko ko yoba yitavye Imana, ivyo yahavuyr abeshuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769