BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ivan kwizera ngo kugira wizerwe bisaba ko nawe uba witeguye

Kwizera Ivan umwe mu barundi basanzwe bavuga igicurarangisho citwa Guitare, babikorera muri Kenya, avuga ko uwo mwuga ushatse kubanza kuwuronderamwo amahera ata Passion ubanje gushira imbere ngo ntaho ugera.

Aganira na Safari, uwo mucuraranzi yavuze ko yatanguriye i Bujumbura imbere yuko aja muri Kenya kuhavugiriza. Aho yavugiriza mu kabare ngo niho yabashije guhurira na Sauti Sol, bituma noneho babona gukorana.

Ivan ariko avuga ko gukorana nabo baririmvyi rurangiranwa bivyamworoheye, kuko mu mahanga ngo kugira wizerwe, ngo nuko baba babona ico bo bakeneye, ariko kandi muri uwo mwanya ngo ukaba witeguye.

Muri ico kiyago na Ivan yamagariye abatware, ko boha agaciro abasanzwe bakora ibikorwa mvabwenge “Artiste”, kugira bagire ico baronse noneho urundi rwaruka narwo rubone ko rushobora kubeshwaho n’ico gikorwa.

Mwomenya ko Ivan imbere yo gukorana n’abo banya Kenya, yakoranye n’abatari bake barimwo Dudu Niyukuri, aravuza muri Primusic, aravuza kandi mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu migwi itandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775