East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Ivya Diamond Platnumz na Zarinah Hassan biguma bifata iyindi ntumbero

Ivya Zari na Diamond birabandanya gufata iyindi ntumbero nkuko biboneka ku mbuga ngurukanabumenyi.

Inyuma yaho bivugiwe ko umuriro wari hagati yabo wazimye, noneho bikavugwa ko yanamwongerereje akagura imodoka yo mu bwoko bwa Bantley, ubu naho abo bavyeyi bazanye ibindi bishasha.

Mu mafoto n’amashusho mashasha aboneka ku rubuga rwa Instagram rwa Zari, Diamond yabonetse akora Commentaire mu gihe bizwi ko asanzwe atamukurikirana kuri uwo muhora.

Amwe muri ayo mashusho Zari akaba aboneka ari imbere y’imodoka ifise imparati yanditseko BABA LAO, izina rizwi kuba irya Diamond. Ivyo yaherekeje n’ayo mashusho akaba yabwiye nyene iyo modoka asanzwe ari umugenzi wiwe wa hafi ko umusi muramuwe (Shemeji) yagiye muri Arika y’epfo ngo bazomuha iyomodoka.

Umuntu rero akaba yokwibaza igituma uwo muririmvyi yoba yagize ico avuga canke uburyo yamenye kobamuvuzeko. Inyishu 2 zikaba ziboneka muri ivyo kibazo.

Bishoboka ko uwo muririmvyi Nasibu ashobora kuba atemberera rimwe na rimwe urubuga rwa Instagram rwa Zari, kugira arabe ibihavugirwa bigatuma noneho abona ko hari ibiriko bimuvugwako.

Iyindi nyishu itangwa n’ibinyamakuru vyo muri Tanzania, nuko uwomuririmvyi yoba yaranditswemwo(Tagged) muri commentaire noneho bigatuma abona ibiriko biraba kuri urwo rubuga.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe bizwi neza ko Diamond atari umuntu akunda kugira ico avuze ku mbuga z’abo bigeze kugendana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769