BurundiBusinessCuteEconomyhomepagekirundi

Ivyangombwa ngo birakwiye kugira ikibuga c’indege gisubire kwugururwa

 

Ivyangombwa vyose ngo birakwiye kugira ikibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura cugururwe.

Umugwi ujejwe kugwanya ikiza ca  Covid-19 wabishikirije ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu mu gihe wari wishikiye  kuri ico kibuga kuraba aho imyiteguro igeze.

Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano akongera akarongora uwo murwi avuga ko agiye gushikiriza umukuru w’igihugu icegeranyo kugira hafatwe ingingo yo kwugurura ico kibuga mu misi ya vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768