BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y’abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19.

Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w’ikigo INSP mu ruganda rwo kwigisha abaganga bazoja kwigisha abandi ubuhinga bwo kurwanya coronavirus mu burere bw’ ubuvuzi butandukanye.

Nyandwi Joseph avuga ati : «Abavuye mu bihugu vyo hanze ni bubahirize ingingo ya Reta ijanye no kuja ukwa bonyene kugira barindire ibiva mu bipimo vyo kwa muganga. Imiryango yabo nayo ireke kubasanga iyo bari ngo ije kuramukanya canke gutora ivyo bazanye kuko bishobora gutuma irandagata ry’ikiza covid19 ryiyongera. »

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765