East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Ivy’ubugeni bwa Diamond na Tanasha ngo ntibishoboka muri ino misi

Ubwoba nibwo bwoba butuma Diamond adashaka gushinga urugo, naho yari yamenyesheje ko biri mu migambi.

Ubukwe Diamond yari yaremeye mu mwaka uheze ko azokorana na Tanasha inyuma y’ukuronka umwana ngo bushobora kutaba, ivyo biheruka gushikirizwa na mushiki wa Diamond mu kiganiro aheruka gutanga.

Muri ico kiganiro, uwo mwigeme asanzwe anabarizwa muri Wasafi avuga ko Diamond atinya gutakaza abakunzi b’umuziki wiwe b’abigeme mu gihe yorongora.

Si ico gusa ngo uwo muririmvyi anavuga ko yipfuza kwitegura bihagije kugira abashe kwinjira muri ubwo buzima yifashe meza, atari ugupfa gufyina gusa.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe uwo muririmvyi asa n’uwuri mu gacerere kadasanzwe ku kijanye n’ubwo bukwe, kuko igenekerezo yabwungururijeko atarashima kurivuga.

Abatari bake bakibaza nimba kwoba kwabaye ukwihenda canke babikoze nkana ngo babeshe abakunzi b’umuziki wabo, ngo babandanye bavurwa cane.

Ivyo bishikirijwe kandi mu gihe bivurwa ko abavyeyi b’uwo mukunzi wa Diamond, boba ari abakirisu ngo badashobora kwemera ko umukobwa wabo abana n’uwo musore batabanje kugira ubukwe, hakanaba ikibazo c’ukumenya uwuzohindura idini muribo 2, kuko batari mw’idini rimwe.

Mwokwibuka ko Diamond anavugwako kuba ariko yikora ku bandi bigeme muri ino misi kubera uwo mukunzi wiwe ngo abaganga boba baramubujijwe amabanga amwe amwe muri ino misi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769