East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Ivy’ukurongora kwa Diamond bisubiye gusukwamwo amazi

Diamond mu bwato aho yariko ahimbaza isabukuru ryiwe ry’amavuko arikumwe na bamwe mu batumiwe muri urwi rubanza, uwo barikumwe na Aunt Ezekiel yahoze ari umukunzi wiwe n’uw’umwe mu batamvyi biwe

Bamwe mu bakurikiranira ivya Diamond hagufi bavuga ko uwo muririmvyi ata mugambi afise wo kurongora muri ino misi, kandi umukobwa azotwara ngo atari Tanasha.

Mu gihe aheruka kwunguruza umusi wubugeni bwiwe, ariko ntiyavuga igihe buzobera, hatanguye kuvurwa ko Diamond platnumz ata mugambi afise wo kurongora, ngo hagufi yokwibaza ni mu myaka 5 iri imbere.

Umwe mu basanzwe batwenza abantu muri  Tanzania yari yamenyesheje imbere yuko Diamond ahindura ivy’ubwo bugeni bwiwe, ko uwo muririmvyi atazorongora. Diamond amaze kubihindura, akaba yahavuye nawe asubira kugira ico ashimangiza iciyumviro ciwe. 

Amakuru dukesha ikinyamakuru Ghafla avuga ko uwo mukinyi yavuze ko diamond atarafta nka nkama, ivyo kurongora. Uwo akavuga ko uwo muririmvyi agifise akanya ko kwiryohera atokaguza ivy’ukugira ubugeni.

Nayo umwigeme azoshirwa mu nzu na Diamond ngo si Tanasha kuko Atari uwo gushirwa mu nzu, aho akavuga ko ari uwundi mwigeme.

Ivyo uwo muinyi akaba abishikirije mu gihe hari uwundi yaheruka kuvuga ko Diamond avuga ibintu yabiharuye, aho agatanga akarorero k’abandi bakobwa bagendanye n’uwo muririmvyi aho avuga ko bose bagendana afise ico abaronderako, cane cane ukumenyekana gusumba biciye mu kuvurwa.

Nayo Tanasha we akaba yari yavuzweko ko boba bagendanye kubera ibiteramo bariko barategura gukorera muri Kenya. Insamirizi ikoresha uwo mukobwa muri Kenya ikaba ariyo yafashije uwo muririmvyi muri ico gikorwa muri Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556