EntertainmentIKIRUNDI_newskirundikirundi_SportsUncategorized

Iyindi Modoka |Ibibera mu mugwi Urunani bitandukanye no muyindi migwi iri muri FEBABU

Mu mupira w’amaboko Basketball mu Burundi ibintu bisa naho biriko birafata inzira nziza kuva aho iryo shirahamwe rihawe kurongorwa n’umukozi w’Imana Apôtre Jean Paul Manirakiza, nawe agafata iryo shirahamwe nkuko ryovuka ukundi, ibiboneka vyose biba nk’ impinduka ndetse n’ibitigeze bikorwa kera bisigaye ari nk’Umugenzo.

 

Umugwi Urunani ni umurwi wari umaze igihe uriko urakani muri iryo shirahamwe, ariko ivyo uriko urakora muri Kino gihe birerekana ivuka rishasha rya FEBABU.

Urunani rufadikanije ni Banki BBCI uko ukwezi guheze batanga agashimwe ku mukinyi yigenjeje neza muri uwo mugwi.
Bakaba baherutse gutanga Ku mugaragaro i modoka ihawe umwe mu rwaruka rwerekanye ishaka ridasanzwe mu gukina biranamuhira, azwi kw’izina rya Landry Ndikumana.
Ivyo ngo ntivyagarukiye aho kiretse KO kizira kwisubiriza umukinyi azo kwigenza neza BBCI ngo izomuha ingendeshwa.

Mu kwezi kwa kabiri hari abakinyi batatu bariko barahiganirwa ako gashimwe nabo akaba ari aba bakurukira:
-Bwanga
-Guibert
-Obleng

 

 

Tubibutse ko ako gashimwe kavuye ku moto kakaja ku modoka bivanye nukwo imoto yari ibibanza bimwebimwe itarekuriwe kugeraho

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije kugira ibihe vyiza no gushigikira inkino mu rwaruka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 751