BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Iyo hataba abahita, Member twari tumubuze

Abagizi ba nabi bari badukuyemwo Bruno SImbavimbere bamusanze imbere y’urugo mu kibenga, mu gihe yaratahutse.

Kuri uyu wa 5 mw’ijoro, Bruno Simbavimbere benshi bazi nka Member ngo yaratewe n’abantu bitwaje imipanga, aho bamusize ari ikirurumu inyuma y’ukumukomeretsa mu mutwe.

Uwo mutware akaba yahavuye atwarwa mu bitero vy’abaganga batagira imbibe, Medicin Sans Frontiere, ryo mu kinindo, inyuma yaho vyankiye aho bari bamujanye ubwa mbere, Croix Rouge Kinindo.

Uwo murongozi w’ishirahamwe ry’abaririmvyi AMB akaba yamenyenywe n’abantu bariko birenganira, aribo bamutabarije bamutwara kwa muganga.

Ivyo vyamushikiye bikaba vyamubayeko ageze imbere yaho aba mu kibenga, hakaba hari isaha zine z’ijoro. Aho abo bagizi ba nabi ngo bamushira hagati nkuko amakuru dukesha SOS Media abishikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775