Burundi-GospelDiasporadiaspora musicEntertainmentGospelhomepagekirundiUncategorized

Jackson Yusuph mu rugendo rwo gushira ahabona indirimbo 6 ziri muri Ep yise Success

 

Kuva aho ashiriwe ahabona nk’umuririmvyi wa db Music Entertainment ariko arakora urukurikirane (Ep….) rw’Indirimbo zitandatu aho mur’izo ndirimbo kur’uyu wa Mungu 07 RUHENSHI 2020 yashize indirimbo zibiri ahabona

Ayaga na Indundi ni Jackson Yusuph yagize ati :

“Kuva ninjira muri db Music Entertainment ihinduka rimaze kuboneka kuruhande rwanje kuko ubu ibikorwa biriko biraza kandi neza uko ndavyipfuza igisigaye nuko Abarundi n’abanyamahanga bakira ibikorwa vyanje bakabasha kudutera intege no kutwereka aho dukwiye guhindura mubikorwa vyacu maze tukabasha guserukira neza Igihugu cacu 🇧🇮”

Ni Jackson tumubajije kubikorwa avuga ko biriko biragenda uko ashaka ko bisohoka yagize ati:

“Uretse ko ngomba gukora nkanakorana n’abandi aha canke hanze y’Uburundi ndiko ndasozera EP yanje ihurikiyemwo indirimbo zitandatu 6 aho mur’izo kuri uyu w’IMANA nasohoye zibiri 2 mur’izo ushobora kwumviriza kuri YouTube
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾
https://youtu.be/y7i3KmmYR4o
👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾👇🏾
https://youtu.be/5l_N-esb2gQ
Reo nsaba Abarundi kudushigikira kuko Abaririmvyi ba Diaspora bakamenya ko turi abana b’Uburundi”

Aho twobibutsa ko Jackson Yusuph ari umuririmvyi akorera ibikorwa vyiwe mu gihugu ca America akanatanga ubutumwa bwiwe abicishije mu ndirimbo zininahaza IMANA (GOSPEL).

#Ep ifise indirimbo 6
1. You are Great
2. Uinuliwe Baba
3. Vumilia
4. Niongoze
5. Yesu Nakupenda
6. With you
Launching date 07/06/2020
Artist: Jackson yusuph

What's your reaction?

Related Posts

1 of 798