abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

#IndundiSports| Muyenge Alexandre yagiye kurondera abakinyi b’abarundi bakina i Burayi

Urugendo rw’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre ariko akorera mu bihugu vy’i Burayi rushobora kuzanira akunguko Uburundi.

Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade Muyenge Alexandre ari kumwe n’uwurongoye igisata c’ubutunzi muri iryo shirahamwe Dénis Karera bari mu rugendo mu bihugu bitandukanye vyo kumugabane wa Buraya.

UwurongoyeiIshirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre , yabwiye indundi Sports y’uko intumbero nyamukuru y’urwo rugendo bakoze ari ugutemberera abakinyi b’umugwi nserukira gihugu n’imiryango yabo bari kumugabane hamwe no kubonana n’abavyeyi bafise abana batarakinira Uburundi bashobora kwifashishwa mu nkino zikurikira z’Intamba mi rugamba.

 

muri urwo rugendo yarimwo yarashoboye kuronka akaryo ko guhura n’umukinyi winyuma w’intamba mu rugamba Marco Weymans .

Hampande y’ivyo hari no kunagura imigenderanire myiza n’amashirahamwe y’umupira w’amaguru yo ku mugabane wa Buraya .

Mwomenya ko muri ivyo bihugu vya Burayi baciye bahura na Manager w’Intamba mu rugamba Mutima Constantin ariwe ariko abatembereza ahatandukanye kugira bashike ku bavyeyi babo bana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 318