Jux yaheruka I Bujumbura ku butumire bwa Bantu Bwoym agiye kugaruka I Bujumbura mu giteramo aherekeje umukunzi wiwe Vanessa Mdee.
Inyuma yaho ahamagariwe I Bujumbura na Bantu Bwoy, Jux ngo agiye kugaruka I Bujumbura azananye n’umukunzi wiwe, Vanessa Mdee. Bose uko ar babiri babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi bakaba bamenyesheje ko misi 30 bazoba bari I Bujumbura mu giteramo.
Ico giteramo bagiye gukorera I Bujumbura kikaba kiri mu ruhererekane rw’ibiteramo uwo mwigeme Vanessa ariko arakora hirya no hino kubera urukurikirane rwiwe rwitwa The love, urwo ruhererekane bakaba barwise In love and Money Tours.
Abo bakaba bamaze gukora ibiteramo bitari buike iwabo muri Tanzania, hamwe na bimwe mu bihugu basanzwe bahana imbibe nka Kenya, bakaba biteze kuza I Bujumbura binakunze bazoce berekeza mu Rwanda aho Vanessa yari yatumiwe muri uyu mwaka wa 2018.
Mwomenya ko I Bujumbura hataramenyekana neza abaririmvyi bazobaherekeza muri ico giteramo, ariko ikibanza co kikaba kimaze kumenyekana akazoba ari kuri Lacosta Beach, ikibanza gikunze kwakira ibiteramo vy’abanyamahanga batari bake.