homepagekirundikirundi_Sports

Kajala yoba ashaka umuhungu yiyitaho?

Mista Champagne yoba yatanguye gukurikira impanuro yahawe na Kajala aho baganira mu Kuzindukira muri Gym, kuko ngo afise ivyo yamuhanuye vyotuma uwo musore afata umubiri wiwe neza. Ivyo bigaca bituma abantu bibaza nimba Kajala atoba ariko ashaka kubanza kworora Mista Champagne ngo abanze amenye kwiyitaho imbere Yuko amuha urukundo, kuko abasore nkabo ata mugore atomukunda.

 

Mista Champagne yazindukiye Kandi muri GYM, aho n’inyuma yaho uwo Mugabo yaragize Kabiri azindukirayo ajanye na Kajala ubwiwe.

Kw’igenekerezo rya 09/03, Mista Champagne yasangije abamukurikirana ubutumwa burimwo akababaro n’umunezero, kuko hampande yo kubonana na Kajala ngo yanamuganirije ngo amenye uburyo yitwara ngo umubiri wiwe umere neza.

Muvyo ashobora kuba yaramubwiye, hoba harimwo ko akwiye kumenya gukora Sports nyinshi, kuko Kuri Kajala w’imyaka irenga 40 y’amavuko, uwo mugenzo n’ukurya neza, bishobora kuba arivyo bimutumye aguma aba mwiza.

Ubwo rero naho ata “ndagukunda” ryuzuye ,rirava muri Kajala ngo ribwirwe umusore wacu Mista Champagne, bishoboka ko uwo mugore ashobora kuba ashaka kubanza kumushira ku murongo ngo bikunde asubire aronke Harmonize wundi.

Ababashije kubona iyo Post abatari bake bamutwenze, barimwo na Kajala ubwiwe, ariko Kandi hari n’abamubwiye ko uwo mugore ataraja kure, ngo azosubira Kandi agaruke basubire baze barajana muri Gym.

Mista Champagne Kandi yanabwiwe kudacika intege muri urwo rugendo rushasha yatanguye gukora. Kuko bitoroha kubigira imisi yose mu gihe utari ubumenyereye.

Ibi bikaba bica bitanga igicapo c’uburyo uwo mugore w’umu Tanzaniyakazi abona umugabo canke umuhungu aba yipfuza kuba kumwe nawe.

Aha mukemenya ko ubushakashatsi bumaze kwerekana ko muvyo abagore bakunda, bakunda abasore canke abagabo bamaze kwubaka umubiri, n’ukuvuga biyitaho, kuko vyerekana ko nibaba kumwe azoheza akamwitaho nawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871