BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kamoso yavuze kuvyo yabonye ku muryango wa Nyakwigendera Petero Nkurunziza

Uguhura kwa Eddy kamoso n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyakwigendera Petero Nkurunziza, ngo vyabaye ugusohora kw’amasezerano Imana yari yarahaye uwo muririmvyi akaba n’umumenyeshamakuru.

Mu kiyago n’ikinyamakuru Isibo Tv, mu kiganiro The Choice ,Eddy Kamoso yamenyesheje ko ashika i Bujumbura, noneho agatangura ikiganiro ku nsamirizi ngo yakiriye Telephone y’umutambukanyi w’umukuru w’iighugu w’ico gihe, Umupfasoni Nkurunziza Bucumi Denise. Ngo vyari bigoye kwemera kuriwe ko yohamagarwa n’umutabukanyi w’umukuru w’igihugu.

Iyo Telephone yakiriye ngo yari iyo kumukeza ku kiganiro yakora no kumwakira mu gihugu. Iyahavuye inavamwo ubutumire mu masengesho yabera ku kirimba c’umukuru w’igihugu misi yose ku musi wa 3. Ico gihe uwo muririmvyi, akaba umukozi w’Imana eka mbere n’umumenyeshamakuru ngo yari yahawe ikaze ngo aje kubabwira ubutumwa bwiza, anaharonkera ubutumwa bwo kuja kwigisha mu rusengero Rocher rurongowe n’Umupfasoni Nkurunziza Denise Bucumi.

Muri ayo masengesho nyene, Kamoso avuga ko ariho yahuriye na Nyakwigendera, aho yaravuye mu kazi noneho amusanga muhira iwe bari mu masengesho. Ngo nk’umwana w’umuntu umutima warasimvye, ariko nk’umukozi w’Imana yari yuzuye mpwemu yera ngo ntacamunyiganyije. Ico gihe ngo umukuru w’igihugu yaramuhaye nawe ikaze mu gihugu.

Kamoso muri ico kiyago nyene, yavuze ko uwo muryango w’umukuru w’igihugu wamubaye hafi cane mu gihe cose yamaze muri kino gihugu cacu. Ico atazopfa yibagiye ngo nuko uwo muririmvyi yigeze kugwarira kuri CMCK mu Kinindo, ariko yisanga umuryango w’umukuru w’igihugu waje kumuraba,ivyo atashobora kwibaza ko bishoboka kubera Umuryngo avamwo.

Eddy yanavuze ko imbere yuko aza mu gihugu c’Uburundi ngo yarafise isezerano rivuga ko azokorana n’abakomeye kandi agakora ibikomeye. Ukwo guhura n’umukuru w’igihugu ngo vyamweretse ko isezerano ryayo risohoje. Ico akaba ngo yaranakivugiye mu massengesho yavugiyemwo ubutumwa, yahuza abari muri Leta ya Nyakwigendera Petero Nkurunziza.

Kamoso muri ico kiganiro yanagarutse ku bitangaza Imana yamukoreye aho yasubira mu Rwanda, aho avuga ko yabonye Imana ikora ibitangaza, mu gihe yaragezwe habi n’ibibazo. S’ico gusa kuko ngo ivyo bibazo vyamuhaye incuti zamuteye gusubira guca bugufi, binamushikana uno musi gusubira mu kazi kiwe k’ukumenyeshamakuru yaramaze imyaka ishika 5 adakora, ikigeretseho anasubira ku nsamirizi yamureze imyaka itari mike, Radio 10.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775