featured sportChelseaEsther NishfootballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_Sportsprimus ligueYvan muziki

Kanakimana Bienvenue yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Kigarama

Umukinyi w’umusatirizi w’Umugwi Aigle Noir Kanakimana Bienvenue niwe yatowe nk’umukinyi mwiza yaranze ukwezi kwa Kigarama.

Kuri uyu wa mbere igekerezo rya 28 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga ca Centre Technique National mu Ngagara , ishirahamwe Brarudi ribicishije Ku kinyobwa Primus Burundi ryaratanze agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Kigarama umwaka wa 2018 muri Primus league , rikaba ryagahaye umukinyi w’umusatirizi wa Aigle Noir Kanakimana Bienvenue .

Uyo mukinyi akaba yarushije abandi mu matora ya bamenyesha makuru ndetse niya bakunzi b’inkino .

Kanakimana akaba yagihanwa na bandi bakinyi nka Ndizeye Eric akinira Musongati Fc, hamwe na Dusabe Olivier akinira umugwi Vital’o Fc.

Uku Niko barushana amajwi

1) Kanakimana Bienvenue 51,1%

2) Ndizeye Eric 29.4%

3) Dusabe Olivier 27.4%

Mukamenya ko Kanakimana Bienvenue ako gashimwe yatwaye kagira gatatu , akaba yahawe igikombe gito n’amafaranga angana n’ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu vy’amarundi 250.000fb

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891