homepageSanté

Kayanza:Umuntu umwe yarapfuye,abarenga 100 baramaze gufatwa n’indwara itazwi

Hari indwara yibonekeza  k’umutumba  Muremera muri komine Butaganzwa intara ya Kayanza haraheze ikiringo c’indwi zibiri .Abanyagigihu bakavuga ko iyo ndwara ifise ibimenyetso  bisa n’ivya marariya imaze guhitana umuntu 1 abarenga 100 baramaze gufatwa.Umurwi w’abaganga barungitswe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu warishikye kuri uyo mutumba ku musi wa kabiri urakora ibipimo n’ubwo ata muco w’ico washitseko.

Abamaze bose gufatwa n’iyo ndwara ihagaritse umutima abanyagihugu ni abo mu gacimbiri  Nyabigati k’umutumba  Muremera muri komine Butaganzwa  , ahariko haregereza indwi zibiri hibonekeza indwara gushika ubu bataramenya iyo ari yo. Bamwe mu bamaze gufatwa n’iyo ndwara bakaba bajanywe kuvurirwa ku bitaro vy’akarere vy’i  Musema abandi mu mavuriro yo mu micungararo.

Bamwe mubamaze gufatwa hari abibaza ko iyo ndwara yoba ari marariya kuko bemeza ko bafatwa bashuha cane, bakabura inguvu kandi ntibagire akayabagu, ariko abasuzumwe kwa muganga bose ntawatoweko marariya.

Ababa mu basanzwe baba k’umutumba Muremera bavuga ko bari mu madidane kubera iyo ndwara yafashe abo mu gacimbiri kamwe n’aho hari abamaze kuvugwa barakira barasubira mu ngo zabo mu gihe umwe muribo yitavye Imana.

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 25 Ruheshi 2024, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwararungitse umurwi kugira ugire amatohoza ntaco urashikiriza kuco watoye kuri iyo ndwara.

Uwujejwe amagara y’abantu mu ntara ya Kayanza Muganga Pascal Niyonzima ahamagarira abokwiyumvako ivyo bimenyetso vy’iyo ndwara kwihutira kwitura amavuriro abegereye.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686