Burundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Kaze Cédric ntakimenyereje Young African

Umurwi wa Young africans SC waraye umenyesheje icese ko utagikoranye n’ umumenyerezwa w’ umurundi Cedric Kaze .

Cédric Kaze yategerezwa kuja kumenyereza uwo murwi inyuma y’ibiganiro mbere n’amasezerano bari bagiranye y’intango ,ubu ntakigiye kuwumenyereza kubera ko yasavye uwo murwi ko womubangira gato indwi zitatu kubera afise akabazo mu muryango wiwe .

Uyo mumenyereza yasavye ko yoja Dar es Salaam inyuma y’indwi zitatu ariko uburongozi bwa Yanga SC bukaba bwasanze vyoba vyiza burondeye uwundi mumenyereza Coach Cedric bakamureka.

Twobamenyesha ko n’umwe mubo bari kujana Nahayo Valéry Nahayo Twite yigeze gukinira Intamba mu rugamba , uburongozi bwa Young african butashimye gukorana nawe bakaba bumuhora ko ataburambe mu kazi ko kumenyereza afise ariko umumenyereza w’abanyegori Vladmir Niyonkuru we akaba yaramaze kwishikira Dar es Salaam kandi yakiriwe neza na Young Africans .

N’inkuru tuzobandanya tubatohoreza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684