africa newsEast Africa Newshomepagekirundisecurity

#Kenya | Batatu bahasize ubuzima abandi babiri barakomereka

Abantu batatu baraye bishwe mu gitero cakozwe ku modoka yunguruza abantu muri Kenya hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Somalia nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Muri ico gitero, abandi babiri bakomeretse bakaba bariko baravurirwa mu mavuriro yegereye aho vyabereye.

Abajejwe umutekano barimwo abasirikare, abapolisi n’abajejwe gucungera amashamba bari mu gikorwa c’uguhiga izo nkozi z’ikibi zikekwa ko ari izo mu muhari wa Al-Shabab.

Iyo modoka yariko iva mu gisagara ca Mombasa yatewe igeze mu karere ka Lamu aho abari muri yo babonye abagabo bayihagarika ubwo nyene baca batangura kuyirasa.

Gushika ubu abo bakoze ico gitero ntibaramenyekana.

Abajejwe umutekano bavuga ko bongereje inguvu kugira ngo bashobore gufata abo bakoze ico gitero iyo bahungiye mu mashamba.

Mwomenya ko igihugu ca Kenya cakomeje ibikorwa vy’ugucungera umutekano mu turere dutandukanye tw’ico gihugu  inyuma y’aho hari amakuru y’igisata c’iperereza yavuga ko Al-Shabab yariko itegura ibitero muri ino minsi mikuru ya Noheli n’umwaka mushasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755