BurundiÉnergieEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum agiye guha urupapuro rw’umutsindo nk’urwo yahaye Big Fizzo

Mu misi mikeya cane indirimbo Umbamwo ya Esther Nish na Kidum irashobora kuzoba ikwije Views 1,000,000. Aho ni mu gihe imaze umwaka n’amezi 7 ishizwe ku rubuga rwa Youtube rw’uwo muririmvyi Kidum.

Kubw’ivyo umuririmvyi Kidum ngo yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko uwo muririmvyikazi Nish nawe agira yinjire mu gitigiri c’abaririmvyi bakwije amanita, kubwa Kidum. Ico gihe Kidum ngo azoca amuha urupapuro rw’umutsindo.

“Go Esther Nish! Hasigaye bake gusa ndaguhe urupapuro rw’umutsindo,. Ugiye kuba umwe mu bandi bazoba bakwije amanita. Humura ntutinye ntawuzokuvogera. Talent yawe n’ivyabona nkaba twebwe tuzokuburanira.“  

Kidum muri ubwo butumwa yagereranije Ingabire mu muziki nko gupima umugera wa SIDA, aho avuga ko ari kimwe muri 2. Kubwa Kidum ngo muri uwo mwuga, utegerezwa kuba ufise ingabire canke atayo ufise, ngo ntawuja hagati.

“Burya talent yaka kazi kacu imeze nko kuja gupimwa umugera wa SIDA. Inyishu ni zibiri gusa: ou bien nta mugera ufise canke urawufise. Rero ivy’umuziki navyo ni uko. Urafise umuziki muri wewe canke ntawuhari.”

Avuye gukora iyo ndirimbo muri Kenya, hari ikibazo camubajijwe cavuga ku mpamvu indirimbo yashizwe kuri urwo rubuga rwa youtube rwa Kidum, kandi nawe yarasanzwe afise urubuga rwa Youtube, nawe aca asigura ko ari ivyo bavuganye, kandi we yabikoze afise ico ariko amurondera.

Urwo rubuga rwa Youtube rwa Kidum, rukaba rubarizwako Video  124, n’abantu barenga 49,400 basanzwe barukurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775