BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum agiye gukora igiteramo kubw’abagore batishoboye bi Toronto

Inyuma y’ikibazo agiriye kuri Stage ariko akora igiteramo, Kidum yasubiriye kandi gukora ibiteramo bitandukanye aho muri Kenya ho n’aka Karaoke agiye gusubira kuyakora ukuri kwamye.

Nkuko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Kidum agiye gusubira kandi guteramisha abantu muri Karaoke. Muri video yabonetse ku rubuga rwiwe rwa Instagram, yamenyesheje ko ariko bazobandanya bakurikiza ivyo basabwa mu kwikingira Corona Virus.

Hampande y’izo Karaoke yasubiriye mu gihugu ca Kenya, Kidum yahavuye atumirwa n’abari muri Canada noneho ngo azokore igiteramo mu ntumbero yo gufasha abagore batishoboye, bo mu gisagara ca Toronto.

Inyuma y’ugutora mitende, Kidum yabwiye BBC Gahuza ko agiye kuzosubiramwo kirya giteramo atabashije kurangiza. Kirya giteramo naco akaba yari yakoranye na 254 Diaspora Dj.

Ariko Hampande aho indirimbo Kidum yaririmvyemwi arikumwe na Otile wo muri Kenya nyene yahavuye ija ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775