BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum Kibuganizo agiye kandi gukorera ibiteramo mu mahanga ya kure

Ama Videos ya Karaoké agize igihe aboneka ku rubuga rwa YouTube rwa Kidum, ngo ni ukugira atere inyota abamukurikirana, kuko yimirije ibiteramo hirya no hino kw’isi.

Mu gihe kidum yaramaze igihe adakora ibiteramo inyuma y’umugabane wa Afrika, ngo ubu agiye kandi gusubira kubikora hirya no hino. Ico ngo kikaba arico gituma agize igihe ashirako ama Videos yiwe ya karaoké.

Izo videos avuga ko yazishizeko ngo abantu babone uburyo we n’umurwi wiwe bavyifatamwo, ibintu ntibibe inkuru mbarirano gusa, ariko no kuvyibonera bavyibonere, kugira kandi bibatere inyota yo kwitabira ivyo biteramo ariko arategura gukora.

Ivyo biteramo bikaba bigiye kandi gusubira gukorwa inyuma y’ikiringo gishobora kuba kingana n’imyaka 2 irenga uwo muririmvyi adakora ibiteramo mu mahanga.

Ubu hakaba haciye igihe haboneka ku rubuga rwa YouTube rwiwe indirimbo zitari nke zirimwo izo yakoze haraheze igihe kitari gito, ariko bikumvikana ko zishobora kuba ziba zaryohowe imbere yuko zishirwa kuri urwo rubuga rwa YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775