BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum na Otile umunyakenya bagiye kuduha gishasha

Umuririmvyi Nimbana Jean Pierre benshi bazi nka Kidum ngo hari igikorwa gishasha kiriko kirategurwa kizoshirwa ahabona mu misi iza. Ivyo akaba yabishikirije ku musi w’ejo ku rubuga rwiwe Instagram.

Kuri urwo rubuga akaba yashizeko amashusho aho aboneka nkaho ariko akora amashusho y’indirimbo naho ataramenyesha akazina canke ubutumwa buzoba buri muri iyo ndirimbo. Ayo mashusho akaba yakurikiranye n’amasanamu aboneka arikumwe n’umwe mu baririmvyi bo muri Kenya.

Ayo masanamu atagira ijwi akaba yaherekejwe n’amajambo aho uwo muririmvyi yavuga ko hari igikorwa kiriko kirategurwa. Kuri ayo masanamu akaba yarikumwe na Otile Brown, aho yavuga ko abantu boguma biteze igikorwa.

Mwokwibuka ko mu kiganiro yaheruka gutanga kuri BBC yamenyesheje ko mu bihe bari bugaranye atagumye yicaye ahubwo hari indirimbo zitari nke yabashije kwandika.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775